isôko

PODCAST · health

isôko

Kaze mu kiganiro isôko, aho duhuriza ivyiyumviro kugira tumenye twongere dutahure ibijanye n'amagara yo mu mutwe.Mu kibano cacu birasa nk'ivyibagiwe ariko reka tube mubavyibuka, kandi bavyibutsa abandi.Mbega amagara yo mumutwe niki?biraba nde?twoyitaho gute? ni bimwe mubibazo tuzogerageza kurabira hamwe mu kiganiro isôko.Kaze wongere utumire abandi.

  1. 8

    Tuyage ku magara yo mu mutwe iyo hari indwara ugendana

    Amahoro neza bakunzi bo kw'Isôko!Uyu musi twaganiriye n'umuvyeyi afise indwara agendana kuva akiri muto.Yatubwiye uko twofata abagwaye haba mu kibano canke mu muryango avukamwo.Mwumvirize ikiganiro liryoshe cane twagiraniye, mwongere mugisangize abandi.Murakoze cane

  2. 7

    EP-06 Agahinda

    Amahoro bakunzi bacu,Mbe muramaze guca mu gahinda?Muramaze kubana n'umuntu ari mu gahinda?Mwavyifashemwo gute?Uyu musi twaganiriye ku gahinda nuko twoba hafi abariko baragacamwo.Umviriza nawe ugire ico wiga nico uterera.Tugire amahoro

  3. 6

    EP-05 Twoherekeza gute uwabuze uwiwe?

    Yambu neza bakunzi bo kw'isôko,Uyu musi naganiriye n'umutumire wacu k'uburyo twoba hafi uwabuze uwiwe muri ako kanya ka hafi.Imico yacu nk'abarundi iratunze cane kandi ni myiza, ariko mbega burya vyose tubikora neza?Twagerageje kubica irya nino namwe muratubwira ico mwibaza.Mugire amahoro!

  4. 5

    EP-04 Mbega Isôko yavuye he?

    Yambu neza bakunzi bacu,Mu kiganiro cuno musi muza kumenya vyinshi kuwugirisha ikiganiro.Niwe abazwa utubazo, twumve ico yiyumvira kuvyerekeye amagara yo mumutwe, aratuganirira gato ivyo yabayemwo, niyo iciyumviro ca Isôko cavuye.Kaze, tuyage, dukurire kandi dukirire hamwe!

  5. 4

    EP - 03 Kumenyera ubuzima bwo mu mahanga nk'umunyeshure

    Ndabaramukije cane bakunzi bo kw'isôko,Mbe muri mwebwe hari abagiye kwiga mu mahanga? Mwabigenjeje gute ngo mumenyere?Uyu musi umutumire wacu aratubwira uko wewe vyamugendeye.Uko yari yateguye ubuzima bwiwe ashitse mu mahanga siko vyagenze.Reka tumwumvirize, bitwigishe.Mugire amahoro!

  6. 3

    EP - 02 Amajambo dukura twumva adufasha gute?

    Tugire amahoro bakunzi bo kw'isôko,Mu kiganiro c'uno musi tuza kuganira kuvyerekeye agaciro k'amajambo abavyeyi babwira umwana mukumurera.Umutumire wacu atubwira uko abavyeyi biwe bamureze n'ingaruka nziza uno musi abona vyagize mu buzima bwiwe nk'umuntu akuze.Bitwubake, bitwigishe.

  7. 2

    EP 01 - Kumenya ko ugwaye no kurondera kwivuza

    Amahoro neza bakunzi mutwumviriza,Muri kino kiganiro ca mbere co kw'isôko twashimye kuganira ivyerekeye amagara yo mu mutwe muri rusangi.Twaronse umutumire atubwira uko yakuze nuko yagerageje kwivuza no gukira.Twizera ko biza kugira ico bibafashije nico bibasigiye.Ntimwitinye murashobora kutubwira uko mwavyumvise, muzoba mukoze cane.Mugire amahoro y'Imana!

  8. 1

    EP 0 - Introduction

    Amahoro neza bakunzi mutwumviriza,Kaze kw'isôko, ikiganiro gishasha kivuga ibijanye n'amagara yo mu mutwe muri rusangi.Tugiye kuza turaganira twongera tuganiriza abafise intahe zerekeye amagara yo mu mutwe (santé mentale).Mudufashe gusangiza abandi kino kiganiro, muzoba mukoze!Murakoze cane kutwumviriza.

Type above to search every episode's transcript for a word or phrase. Matches are scoped to this podcast.

Searching…

We're indexing this podcast's transcripts for the first time — this can take a minute or two. We'll show results as soon as they're ready.

No matches for "" in this podcast's transcripts.

Showing of matches

No topics indexed yet for this podcast.

Loading reviews...

ABOUT THIS SHOW

Kaze mu kiganiro isôko, aho duhuriza ivyiyumviro kugira tumenye twongere dutahure ibijanye n'amagara yo mu mutwe.Mu kibano cacu birasa nk'ivyibagiwe ariko reka tube mubavyibuka, kandi bavyibutsa abandi.Mbega amagara yo mumutwe niki?biraba nde?twoyitaho gute? ni bimwe mubibazo tuzogerageza kurabira hamwe mu kiganiro isôko.Kaze wongere utumire abandi.

HOSTED BY

Sheï

CATEGORIES

URL copied to clipboard!