ABANYAMULENGE BARAMAGANA FDNB I MULENGE episode artwork

EPISODE · Nov 30, 2025 · 35 MIN

ABANYAMULENGE BARAMAGANA FDNB I MULENGE

from Wiriwe Maine · host WMPG

Ishirahamwe " Mahoro Peace Association" rifise icicaro muri Amerika rikaba rigizwe n'abava mu bwoko bw'Abanyamulenge rimaze imisi ritunganya muri uku kwezi kwa 11 imyiyerekano izokomeza mukwa 12 mu miji n'ama reta bitandukanye muri Leta zunze ubumwe za Amerika. Iyo myiyerekano ni iyo kwiyamiriza ico uwo muryango wita " ihonyabwoko n'agatotezo bikorwa n'igisirikare c'Uburundi FDNB" ku Banyamulenge bari i Mulenge muri Kivu y'Ubumanuko mu buseruko bwa Kongo. Muri ako gace, Uburundi bwarungitseyo ingabo zirenga 10.000 kuja gufashanya n'igisirikare ca Kongo, FARDC, hamwe n'imirwi y'inyeshamba ishigikiwe na Reta- mu rugamba rwo kurwanya umuhari wa M23 umaze kwigarurira imirwa mikuru ya Goma muri Kivu y-Uburaruko na Bukavu muri Kivu y-Ubumanuko hamwe n'utundi duce tutari duke twimbukamwo inzahabu nyinshi. Kinshasa yagiriza Kigali gufasha abaroberi ba M23, ariko Kigali ivuga ko ari ibinyoma vyambaye ubusa ahubwo yashizeho ingamba zo kwikingira ibitero vy'interahamwe za FDLR zagirizwa kuba zarakoze ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi muri 1994 mu Rwanda. Umuvugizi w-igisirikare c'Uburundi , Général de brigade  Gaspard Baratuza aremeza ko hari uduce tumwe tumwe Abanyamulenge bankirwa kuva mu mihana yabo agasigura ko bakorana n-umwansi. Muri kino kiganiro Wiriwe Maine yakiriye Douglas Gasore Kabunda, umukuru w'umuryango " Mahoro Peace Association".

Episode metadata supplied by the publisher feed · Published Nov 30, 2025

Embed this episode

Ready to play

ABANYAMULENGE BARAMAGANA FDNB I MULENGE

0:00 35:17

No transcript for this episode yet

We transcribe on demand. Request one and we'll notify you when it's ready — usually under 10 minutes.

No similar episodes found.

Frequently Asked Questions

How long is this episode of Wiriwe Maine?

This episode is 35 minutes long.

When was this Wiriwe Maine episode published?

This episode was published on November 30, 2025.

Can I download this Wiriwe Maine episode?

Yes. Use the download control on the episode player to save the publisher-provided media file.
URL copied to clipboard!