EPISODE · Jun 8, 2025 · 45 MIN
GUKOMEZA UBUCUTI BICIYE MU NKINO
from Wiriwe Maine · host WMPG
Umurwi witiriwe Team 257 Maine-USA warakiriye mugenzi wawo wa FBM (Fraternité Burundaise de Montréal) wo muri Canada mu rukino rwo kwishura. Ni ama ekipe ya Basketball. Irushanwa ryabereye mu nzu y’imikino ku wa gatandatu igenekerezo rya 17 Rusama 2025, guhera isaha icenda z’umuhingamo (isaha yo muri Maine), ku kibuga ca Riverton Community Center mu muji wa Portland, Maine. Umukino warangiye Team 257 Maine-USA itsinze ku manota 74 kuri 52 y'abashitsi baje baturutse mu gihugu kibanyi ca Canada. Abateguye uru rukino bavuga ko inkino ziri mu bintu bituma Abarundi batibagira i wabo, bagumana amagara meza kandi bakomeza n'umuco ubaranga.
Embed this episode
Ready to play
GUKOMEZA UBUCUTI BICIYE MU NKINO
No transcript for this episode yet
Similar Episodes
No similar episodes found.