IKIGANIRO – MARGUERITE BARANKITSE episode artwork

EPISODE · Apr 27, 2025 · 1H 10M

IKIGANIRO – MARGUERITE BARANKITSE

from Wiriwe Maine · host WMPG

Marguerite Barankitse: Umumarayika w’i Burundi, “MERE TEREZA WO MURI AFRIKA” agumana icizere c’akazozaMarguerite Barankitse, azwi nk’Umumarayika w’i Burundi canke Mère Teresa wa Afrika, ni umukenyezi azwi cane mu bikorwa vy’imbabazi no gutabara abatishoboye muri Afrika. Yavutse mu 1957 mu ntara ya  Ruyigi, mu buseruko bw’u Burundi. Uwo mugore w’umu Kristu akomoka mu bwoko bw’Abatutsi yahariye ubuzima bwiwe gukingira abana bagizweko ingaruka n’intambara zishingiye ku bwoko n’ivyiyumviro vya poritike mu gihugu ciwe.Mu 1993, igihe Uburundi bwadukamwo  intambara n’ubwicanyi vyakurikiye iyicwa rya Perezida Melchior Ndadaye, Umuhutu wa mbere yaratowe mu kibanza c’umukuru w’igihugu akicwa inyuma y’amezi atatu gusa atwara, umukenyezi Barankitse  yabonye n’amaso yiwe ubwicanyi bwabereye muri diyoseze ya Ruyigi. Yabashije gukiza abana 25 bari bagiye gupfa. Ico gikorwa catanguje Maison Shalom, ikimenyetso c’amahoro no kwiyunga. Mu myaka yose yakurikiye, ico kigo caritayeho, caravuye kandi carigishije abana barenga 47.000, ata gutandukanya ubwoko. Amashure, amavuriro, amazu, n’amashirahamwe yo kwigisha kwiziganiriza vyarubatswe biciye ku buyobozi bwiwe.Kubera ibikorwa vyiwe vy’akaroruhore, yarashimiwe n’ibigo mpuzamakungu bitandukanye, harimwo ibi bihembo bikomeye:Agashimwe k’Uburenganzira bwa muntu (Ubufaransa, 1998)Agashimwe k’Amajepfo n’Amajyaruguru k’Inama y’Uburayi (2000)Agashimwe k’Abana bo kw’isi yose (2003)Agashimwe ka Nansen k’impunzi (HCR, 2005)Agashimwe ka Opus (2008)Agashimwe k’ukurwanya amakimbirane – Fondasiyo Chirac (2011)Agashimwe k’Aurora ko Gukangura Ubumuntu (2016)Mu 2015, amaze kunegura ikiringo ca gatatu ca Perezida Pierre Nkurunziza, yaciye ahungira hanze. Mu Rwanda ahaba, yagumije ibikorwa vyiwe, ashinga Ikigo c’Umuryango w’Amahoro i Kigali – ahakirirwa, higishirizwamwo kandi havurirwamwo impunzi z’Abarundi.Vyongeye, yatanguje Fondasiyo Marguerite Barankitse, igamije guteza imbere impunzi no gushigikira imigambi y’amahoro, ubutungane n’iterambere rirama.Naho hari itegeko mpuzamakungu ryatanzwe ngo atabwe muri yompi n’ubutungane bw’i Burundi, ntivyigeze bimutera ubwoba canke ngo bimuce intege mu migambi n’imigabo vyiwe. Marguerite Barankitse ni ishusho y’icizere ku bantu bariko barababara, kandi ni n’igicapo c’urukundo, ubutungane, ubuntu  n’icubahiro muri kubu na kazoza.

Episode metadata supplied by the publisher feed · Published Apr 27, 2025

Embed this episode

Ready to play

IKIGANIRO – MARGUERITE BARANKITSE

0:00 1:10:46

No transcript for this episode yet

We transcribe on demand. Request one and we'll notify you when it's ready — usually under 10 minutes.

No similar episodes found.

Frequently Asked Questions

How long is this episode of Wiriwe Maine?

This episode is 1 hour and 10 minutes long.

When was this Wiriwe Maine episode published?

This episode was published on April 27, 2025.

Can I download this Wiriwe Maine episode?

Yes. Use the download control on the episode player to save the publisher-provided media file.
URL copied to clipboard!